× Language Europe Russian Belarusian Ukrainian Polish Serbian Bulgarian Slovakian Czech Romanian Moldovian Azerbaijan Armenian Georgian Albanian Avar Bashkir Tatar Chechen Slovenian Croatian Estonian Latvian Lithuanian Hungarian Finnish Norwegian Swedish Icelandic Greek Macedonian German Bavarian Dutch Danish Welsh Gaelic Irish French Basque Catalan Italian Galacian Romani Bosnian North America English South America Spanish Portuguese Guarani Quechuan Aymara Central America Jamaican Nahuatl Kiche Qeqchi Haitian East Asia Chinese Japanese Korean Mongolian Uyghur Hmong South East Asia Malaysian Burmese Chin Nepali Cebuano Tagalog Cambodian Thai Indonesian Vietnamese Javanese Lao Iban IuMien Kachin Lahu Aceh Balinese Bugis Pampanga Sasak Shan Waray South Asia Hindi Оdia Awadhi Mizo Kannada Malayalam Marathi Gujarati Tamil Telugu Punjabi Kurukh Assamese Maithili Bengali Urdu Sinhala Dogri Haryanvi Meitei Konkani Santali Sindhi Koya Thado Sanskrit Devanagari Adilabad Gondi Ahirani Balochi Bundeli Chhattisgarhi Garhwali Kangri Kumaoni Mewari Munda Sadri Seraiki Shekhawati Sylheti Central Asia Kyrgyz Uzbek Tajik Turkmen Kazakhstan Karakalpak Middle East Turkish Hebrew Arabic Persian Kurdish Pashto Coptic Africa Afrikaans Xhosa Zulu Ndebele Sotho Amharic Wolaytta Nigerian Mossi Ika Dinka Kabyle Ewe Swahili Morocco Somalian Shona Madagascar Igbo Lingala Baoule Siswati Tsonga Tswana Gambian Yoruba Kamba Kinyarwanda Hausa Chewa Luo Makhuwa Dyula Fulfulde Kalenjin Kikuyu Kikwango Kirundi Krio Nigerian Pidgin Oromo Tshiluba Tshivenda Twi Umbundu Lugbara Luguru Pular Gussi Maasai Turkana Moba Nuer Shilluk Tamasheq Makonde Bemba Fon Hadiyya Ibibio Kimbundu Kimiiru Lango Liberian Kreyol Lomwe Mende Morisyen Ndau Nyankole Sena Sidamo Soga Songe Sukuma Tarifit Teso Tiv Zande Dagbani Australia Continent New Zealand Papua New Guinea Old Languages Aramaic Latin Esperanto 1 1 1 Coroshe CorosheRisha1 1 1 Galatiya MatayoMarikoLukaYohanaIvyakozweRoma1 Korinto2 KorintoGalatiyaEfesoFilipiKolosayi1 Tesalonike2 Tesalonike1 Timoteyo2 TimoteyoTitoFilemoniAbaheburayoYakobo1 Petero2 Petero1 Yohana2 Yohana3 YohanaYudaIvyahishuwe1 1 1 1 1234561 1 1 : 1 1234567891011121314151617181920212223241 1 1 Bibiliya mu Kirundi Coroshe Galatiya 1 Save Notes 1Jewe Pawulo intumwa, ntatumwe n’abantu kandi bidaciye ku muntu n’umwe, ariko natumwe na Yesu Kristo n’Imana Data yamuzuye mu bapfuye,2hamwe na bene Data bose turi kumwe, Turabandikiye mwebwe amashengero y’i Galatiya:3Ubuntu n’amahoro biva ku Mana Data wa twese no ku Mwami wacu Yesu Kristo bibane namwe.4Uwo Kristo ni we yatanze ubugingo bwiwe ku bw’ivyaha vyacu, nk’uko Imana Data wa twese yari yarabigomvye, kugira ngo adukize iki gihe kibi turimwo.5Icubahiro kibe icayo ibihe vyose, Amen.6Ndatangajwe n’ingene mwihuse kuva ku Mana yabahamagariye kuba mu buntu bwa Kristo, mugakurikira ubundi butumwa butandukanye n’ubwo twababwiye,7kandi mu vy’ukuri ata bundi Butumwa Bwiza buhari. Biragaragara ko hariho abantu babatera kuzazanirwa mu kugoramika Ubutumwa Bwiza bwa Kristo.8Ariko, naho yoba twebwe, canke umumarayika avuye mw’ijuru, akaza ababwira Ubutumwa butandukanye n’ubwo twababwiye, umuvumo w’Imana ube kuri we!9Nk’uko twabivuze ubwa mbere, n’ubu ndabisubiyemwo: umuntu wese yobabwira ubutumwa butandukanye n’ubwo mwakiriye, umuvumo w’Imana ube kuri we!10Jewe ubu noba nkirondera kwemerwa n’abantu, aho kurondera kwemerwa n’Imana? Canke ubu noba nkirondera kunezereza abantu? Iyo mba nkirondera kunezereza abantu, simba ndi umukozi wa Kristo.11Bene Data, ndashaka ko mumenya ko Ubutumwa Bwiza nababwiye butavuye mu vyiyumviro vy’umuntu.12Sinabuhawe n’umuntu n’umwe, kandi si ubwo nigishijwe. Ariko, naburonse ndabuhishuriwe na Yesu Kristo.13Mwarumvise ingene nari mbayeho nkiri mw’idini ry’Abayuda, ingene nahama ishengero ry’Imana nkobeje rwose kugira ngo ndarizimanganye.14Ico gihe, nari imbere rwose mw’idini ry’Abayuda, kurusha abandi bo mu runganwe rwanje, kandi nari mfise umwete mwinshi cane wo kwitondera imigenzo ya ba sogokuruza.15Ariko kuva nkiri mu nda ya mama, Imana yari yarantoranije, impamagara mu buntu bwayo. Hanyuma vyayihimbaye16kumpishurira Umwana wayo kugira ngo nanje ndamumenyekanishe mu Banyamahanga; kandi ivyo bibaye, sinagishije inama umuntu n’umwe,17kandi sinabanje kuduga i Yerusalemu kubaza ababanje kuba intumwa imbere yanje, ahubwo naciye nja muri Arabiya, mu nyuma ngaruka i Damasiko.18Hanyuma, haheze imyaka itatu, ni ho naduga i Yerusalemu kugira ngo tumenyane na Kefa, tumarana imisi cumi n’itanu.19Nta yindi ntumwa twabonanye, kiretse Yakobo mwene nyina w’Umwami wacu.20Ndi imbere y’Imana sinshobora kubesha, ivyo ndabandikiye ni ukuri.21Mvuye aho, naciye nja mu ntara za Siriya na Kilikiya.22Amashengero ya Kristo y’i Yudaya ntiyari anzi.23Ico bari barumvise kuri jewe, ni inkuru yavuga ngo: “Wa muntu yahora aduhama ubu asigaye yigisha ukwizera yigeze kugerageza kuzimanganya.”24Maze bahimbaza Imana ku bwanje.Bibiliya mu Kirundi Coroshe Copyright © 2021 by Biblica, Inc Bibiliya mu Kirundi Coroshe Galatiya 1 00:00:00 00:00:00 0.5x 2.0x https://beblia.bible:81/BibleAudio/kirundicoroshe/galatians/001.mp3 6 1