× Language Europe Russian Belarusian Ukrainian Polish Serbian Bulgarian Slovakian Czech Romanian Moldovian Azerbaijan Armenian Georgian Albanian Avar Bashkir Tatar Chechen Slovenian Croatian Estonian Latvian Lithuanian Hungarian Finnish Norwegian Swedish Icelandic Greek Macedonian German Bavarian Dutch Danish Welsh Gaelic Irish French Basque Catalan Italian Galacian Romani Bosnian North America English South America Spanish Portuguese Guarani Quechuan Aymara Central America Jamaican Nahuatl Kiche Qeqchi Haitian East Asia Chinese Japanese Korean Mongolian Uyghur Hmong South East Asia Malaysian Burmese Chin Nepali Cebuano Tagalog Cambodian Thai Indonesian Vietnamese Javanese Lao Iban IuMien Kachin Lahu Aceh Balinese Bugis Pampanga Sasak Shan Waray South Asia Hindi Оdia Awadhi Mizo Kannada Malayalam Marathi Gujarati Tamil Telugu Punjabi Kurukh Assamese Maithili Bengali Urdu Sinhala Dogri Haryanvi Meitei Konkani Santali Sindhi Koya Thado Sanskrit Devanagari Adilabad Gondi Ahirani Balochi Bundeli Chhattisgarhi Garhwali Kangri Kumaoni Mewari Munda Sadri Seraiki Shekhawati Sylheti Central Asia Kyrgyz Uzbek Tajik Turkmen Kazakhstan Karakalpak Middle East Turkish Hebrew Arabic Persian Kurdish Pashto Coptic Africa Afrikaans Xhosa Zulu Ndebele Sotho Amharic Wolaytta Nigerian Mossi Ika Dinka Kabyle Ewe Swahili Morocco Somalian Shona Madagascar Igbo Lingala Baoule Siswati Tsonga Tswana Gambian Yoruba Kamba Kinyarwanda Hausa Chewa Luo Makhuwa Dyula Fulfulde Kalenjin Kikuyu Kikwango Kirundi Krio Nigerian Pidgin Oromo Tshiluba Tshivenda Twi Umbundu Lugbara Luguru Pular Gussi Maasai Turkana Moba Nuer Shilluk Tamasheq Makonde Bemba Fon Hadiyya Ibibio Kimbundu Kimiiru Lango Liberian Kreyol Lomwe Mende Morisyen Ndau Nyankole Sena Sidamo Soga Songe Sukuma Tarifit Teso Tiv Zande Australia Continent New Zealand Papua New Guinea Old Languages Aramaic Latin Esperanto 1 1 1 Coroshe CorosheRisha1 1 1 Efeso MatayoMarikoLukaYohanaIvyakozweRoma1 Korinto2 KorintoGalatiyaEfesoFilipiKolosayi1 Tesalonike2 Tesalonike1 Timoteyo2 TimoteyoTitoFilemoniAbaheburayoYakobo1 Petero2 Petero1 Yohana2 Yohana3 YohanaYudaIvyahishuwe1 1 1 1 1234561 1 1 : 1 12345678910111213141516171819202122231 1 1 Bibiliya mu Kirundi Coroshe Efeso 1 Save Notes 1Jewe Pawulo, intumwa ya Kristo Yesu, kubera ugushaka kw’Imana, Ndabandikiye mwebwe abera bo muri Efeso, abizigirwa ba Kristo Yesu:2Ubuntu n’amahoro biva ku Mana Data no ku Mwami wacu Yesu Kristo bibe muri mwebwe.3Imana, Se w’Umwami wacu Yesu Kristo iragahezagirwa, yo yaduhezagiriye ahantu ho mw’ijuru imihezagiro y’impwemu yo mu buryo bwose muri Kristo.4Kuva isi itararemwa, Imana yari yaramaze kudutoranya muri Kristo, kugira ngo tube abejejwe batagira ico bagawa mu nyonga zayo. Kubera urukundo rwayo,5yari yaramaze gufata ingingo yo kutugira abana bayo biciye kuri Yesu Kristo. Ibi ni vyo yashaka kandi vyarayinezereye.6Ni co gituma duhimbaza Imana kubera ubwiza bw’ubuntu bwayo yatugiriye biciye mu Mwana wayo ikunda.7Muri we ni ho twaherewe ugucungurwa biciye mu maraso yiwe, ni kwo guharirwa ivyaha vyacu, kubera ubuntu bwayo bwinshi!8Ubwo buntu yarabudusutseko, ibuduhana ugutahura kwose n’ubwenge bwose.9Imana yaduhaye kumenya ibanga ry’umugambi wayo, uwo yari yarateguye gushira mu ngiro, mu kugira neza kwayo, ibicishije muri Kristo.10Uwo mugambi, Imana yashatse kuwushira mu ngiro igihe yashinze gishitse. Ni uwo kwegeraniriza hamwe ibiri mw’ijuru n’ibiri kw’isi vyose ikabishira musi y’inganji ya Kristo.11Ikigeretse kuri ivyo, kubera yuko twafatanijwe na Kristo, twararonse umugabane ku Mana, kuko yadutoranirije muri we kuva kera, kandi igatuma vyose bikorwa nk’uko umugambi wayo uri.12Intumbero y’Imana muri ivyo vyose, yari uko twebwe Abayuda, kuko ari twebwe twabaye aba mbere mu gushira ivyizigiro vyacu muri Kristo, duhesha Imana icubahiro.13Kandi namwe abanyamahanga mwarumvise Ubutumwa bw’ukuri, bwatumye Imana ibakiza, hanyuma mumaze kwizera Kristo, yabashizeko ikimenyetso cerekana ko muri abiwe mu kubaha Mpwemu Yera, uwo yari yarasezeranye kuva kera.14Uwo Mpwemu ni ingwati y’Imana yemeza ko tuzohabwa umugabane twasezeraniwe kandi ko yatuguze ngo tube abantu bayo. Ivyo yabikoze kugira ngo tuyishime kandi tuyihe icubahiro.15Ni co gituma, kuva numvise ukwizera Umwami Yesu kwanyu n’urukundo mukunda abantu b’Imana bose,16sinduhuka gushimira Imana ku bwanyu. Ndabibuka uko nsenze.17Nsaba Imana yo nyene icubahiro cose, Se w’Umwami wacu Yesu Kristo, Data w’ubwiza buhebuje, ngo abahe Mpwemu w’ubwenge no guhishurirwa, kugira ngo murushirize kumumenya.18Ndabasengera ngo amaso y’imitima yanyu amurikirwe kugira ngo mumenye ivyizigiro yabahaye igihe yabahamagara, n’ubwiza bwinshi bw’umugabane yateguriye abantu biwe batunganye.19Ndabasengera kandi ngo mutahure ubushobozi bw’Imana butogereranywa, bukorera muri twebwe abizera. Ubwo bushobozi ni bwo20yakoresheje igihe yazura Kristo ikamukura mu bapfuye, ikamwicarika mu kibanza c’iteka i buryo bwayo ahantu ho mw’ijuru,21hejuru y’ukuganza kwose n’ubukuru bwose, hejuru y’ubushobozi n’ubutegetsi bwose, hejuru y’izina ryose rishobora kuvugwa, haba muri iyi si y’uno musi canke mw’isi izoza.22Imana yashize ibintu vyose musi y’inganji ya Kristo, imugira umutwe uri hejuru ya vyose ku bw’ineza y’ishengero.23Ishengero ni ryo mubiri wa Kristo, kandi Kristo ari muri ryo mu buryo bwuzuye, ari muri vyose kandi hose.Bibiliya mu Kirundi Coroshe Copyright © 2021 by Biblica, Inc Bibiliya mu Kirundi Coroshe Efeso 1 00:00:00 00:00:00 0.5x 2.0x https://beblia.bible:81/BibleAudio/kirundicoroshe/ephesians/001.mp3 6 1