× Language Europe Russian Belarusian Ukrainian Polish Serbian Bulgarian Slovakian Czech Romanian Moldovian Azerbaijan Armenian Georgian Albanian Avar Bashkir Tatar Chechen Slovenian Croatian Estonian Latvian Lithuanian Hungarian Finnish Norwegian Swedish Icelandic Greek Macedonian German Bavarian Dutch Danish Welsh Gaelic Irish French Basque Catalan Italian Galacian Romani Bosnian North America English South America Spanish Portuguese Guarani Quechuan Aymara Central America Jamaican Nahuatl Kiche Qeqchi Haitian East Asia Chinese Japanese Korean Mongolian Uyghur Hmong South East Asia Malaysian Burmese Chin Nepali Cebuano Tagalog Cambodian Thai Indonesian Vietnamese Javanese Lao Iban IuMien Kachin Lahu Aceh Balinese Bugis Pampanga Sasak Shan Waray South Asia Hindi Оdia Awadhi Mizo Kannada Malayalam Marathi Gujarati Tamil Telugu Punjabi Kurukh Assamese Maithili Bengali Urdu Sinhala Dogri Haryanvi Meitei Konkani Santali Sindhi Koya Thado Sanskrit Devanagari Adilabad Gondi Ahirani Balochi Bundeli Chhattisgarhi Garhwali Kangri Kumaoni Mewari Munda Sadri Seraiki Shekhawati Sylheti Central Asia Kyrgyz Uzbek Tajik Turkmen Kazakhstan Karakalpak Middle East Turkish Hebrew Arabic Persian Kurdish Pashto Coptic Africa Afrikaans Xhosa Zulu Ndebele Sotho Amharic Wolaytta Nigerian Mossi Ika Dinka Kabyle Ewe Swahili Morocco Somalian Shona Madagascar Igbo Lingala Baoule Siswati Tsonga Tswana Gambian Yoruba Kamba Kinyarwanda Hausa Chewa Luo Makhuwa Dyula Fulfulde Kalenjin Kikuyu Kikwango Kirundi Krio Nigerian Pidgin Oromo Tshiluba Tshivenda Twi Umbundu Lugbara Luguru Pular Gussi Maasai Turkana Moba Nuer Shilluk Tamasheq Makonde Bemba Fon Hadiyya Ibibio Kimbundu Kimiiru Lango Liberian Kreyol Lomwe Mende Morisyen Ndau Nyankole Sena Sidamo Soga Songe Sukuma Tarifit Teso Tiv Zande Australia Continent New Zealand Papua New Guinea Old Languages Aramaic Latin Esperanto 1 1 1 Coroshe CorosheRisha1 1 1 2 Petero MatayoMarikoLukaYohanaIvyakozweRoma1 Korinto2 KorintoGalatiyaEfesoFilipiKolosayi1 Tesalonike2 Tesalonike1 Timoteyo2 TimoteyoTitoFilemoniAbaheburayoYakobo1 Petero2 Petero1 Yohana2 Yohana3 YohanaYudaIvyahishuwe1 1 1 1 1231 1 1 : 1 1234567891011121314151617181920211 1 1 Bibiliya mu Kirundi Coroshe 2 Petero 1 Save Notes 1Jewe Simoni Petero, umukozi n’intumwa ya Yesu Kristo, Ndabandikiye mwebwe mwakiriye ukwizera kw’agaciro nk’ukwacu biciye mu kugororoka kw’Imana yacu n’Umukiza Yesu Kristo:2Ubuntu n’amahoro bibe muri mwebwe bisesekaye, ivyo muronkeshwa no kumenya Imana na Yesu Umwami wacu.3Ubushobozi bw’ubumana bwiwe bwaduhaye ivyankenerwa vyose kugira ngo tubeho twubaha Imana biciye mu kumenya uwaduhamagaje ubwiza bwiwe n’ukugira neza kwiwe.4Ni muri ivyo nyene yaduhereye amasezerano yiwe ahambaye kandi y’agaciro kanini, kugira ngo muri vyo namwe mugire akamere k’Imana ngo muhunge muve mu kwononekara kw’iyi si kwazanywe n’ivyipfuzo bibi.5Kubera iyo mvo nyene, mugire umwete kugira ngo ku kwizera kwanyu mwongereko ingeso nziza, ku ngeso nziza mwongereko ubumenyi;6ku bumenyi mwongereko ukwirinda; ku kwirinda mwongereko ugushishikara; ku gushishikara mwongereko kwubaha Imana;7ku kwubaha Imana mwongereko kugiriranira igishika; ku kugiriranira igishika mukwongereko urukundo.8Kuko nimwagira ivyo muri mwebwe kandi bigashishikara kugwira, bizobarinda kuba imburakimazi no kuba ingumba mu kumenya Umwami wacu Yesu Kristo.9Ariko umuntu wese atabifise, abona hafi gusa kandi ni impumyi, kandi yibagiye ko yogejwe ivyaha vyiwe vya kera.10Nuko rero bene Data, murushirizeho kugira ishaka ryo gukomeza ihamagarwa ryanyu no gutoranywa kwanyu. Kuko nimwakora ivyo, ntimuzokwigera mutsitara,11kandi muzohabwa ikaze ikomeye cane mu bwami budashira bw’Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo.12Nzokwama ndabibutsa ivyo bintu, naho mubizi kandi mumaze gushinga imizi mu kuri mufise ubu.13Nibaza ko ari vyiza kubibibutsa nkiri muri uru rusago ari rwo mubiri,14kuko nzi ko vuba cane ngiye kuwamburwa, nk’uko Umwami Yesu Kristo yabimenyesheje.15Kandi nzogira umwete kugira ngo ninamara kugenda muze mwame mwibuka ivyo.16Ntitwakurikiye imigani yashizweho n’ubwenge bw’abantu gusa igihe twababwira ivyo kuza mu bushobozi kw’Umwami wacu Yesu Kristo, ariko twebwe twari ivyabona, kuko twiboneye ubwiza bwiwe bw’akaburarugero.17Yahawe na Data Imana, icubahiro n’ubwiza, igihe ijwi rivuye mu bwiza burengeje ryavuga riti: “Uwu ni Umwana wanje, nkunda cane kandi ampimbara.”18Twebwe ubwacu twariyumviye iryo jwi ryavuye mw’ijuru igihe twari kumwe na we kuri wa musozi wejejwe.19Kandi dufise n’ijambo ry’ubuvugishwa rirushaho kuba iryo kwizerwa. Namwe muzoba mugize neza nimwaryumvira kuko rimeze kurya kw’itara rimurikira ahantu hari umwijima, gushika umutwenzi ubonetse, aho inyenyeri yo mu gaturuturu izoserukira mu mitima yanyu.20Ikirengeye vyose, mumenye ko ata kuvugishwa kwo mu Vyanditswe gushobora gusigurwa nk’uko umuntu yigombeye.21Kuko ukuvugishwa kutava mu gushaka kw’umuntu, ariko abantu bavuga ibivuye ku Mana nk’uko bari barongowe na Mpwemu Yera.Bibiliya mu Kirundi Coroshe Copyright © 2021 by Biblica, Inc Bibiliya mu Kirundi Coroshe 2 Petero 1 00:00:00 00:00:00 0.5x 2.0x https://beblia.bible:81/BibleAudio/kirundicoroshe/2peter/001.mp3 3 1